Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabonanye n’abakinyi b’Intamba biteguriye urukino rudasanzwe

Imbere y’amasaha make kugira Uburundi butane mu mitwe n’igihugu ca Gabon, mu nkino z’ukurondera uburenganzira bw’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations), umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yabonanye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba.

Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye n’abo bakinyi mu ntumbero y’ukubatera intege, ku rukino rudasanzwe bazokina kuri uwu wa gatandatu n’igihugu ca Gabon.

Muri urwo rukino, Uburundi busabwa gutsinda canke kunganya na Gabon, kugira bwitabe ku ncuro ya mbere ihigana ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS