Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasubiriye gutanga intererano y’amatora

Amafaranga imiriyoni zine z’amarundi niyo yatanzwe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri nk’intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020. Ayo mafaranga yatanzwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, kuri Banki nkuru y’igihugu, ishami ry’i Ngozi.

Kw’izina ry’umuryango wiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanze ayo mafaranga ku ncuro ya kane.

Inyuma y’ugutanga iyo ntererano y’amatora, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yanditse ku muhora wiwe wa Twitter ati : “Uno musi bubaye ubwa kane Umuryango wacu uterera amatora yo mu mwaka w’2020. Tuboneyeho gusubira gushimira no gukeza Abarundi bafashe nkama akamo ko gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira na Demokarasi biciye mu kwitunganiriza amatora. Iteka n’Itekane vy’Uburundi biri mu minwe yacu.”

Itegeko rivuga ivy’intererano y’amatora rishira mu migwi itatu Abarundi bazosabwa intererano. Umugwi wa mbere ugizwe n’abirimizi borozi, uwa kabiri urimwo abakozi ba Reta, mu gihe uwa 3 ugizwe n’amashirahamwe, ama syndicat, amahinguriro, amakoperative n’amadini.

Ku birimizi, urugo rutanga amafaranga ibihumbi bibiri ku mwaka, urwaruka rufise imyaka yo gutora bariha umwe umwe amafaranga igihumbi ku mwaka.

Abari muri uwo mugwi batanga amafaranga ku bajejwe intwaro mu makomine, abo nabo baheze bayegeranye bace bayajana kuri konte iri mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Abakozi ba Reta ariwo mugwi wa kabiri, bakatwa amafaranga ku mishahara hisunzwe umwe wese ingene ahembwa:

  1. Abakozi batarenza ibihumbi 50 vy’umushahara bakatwa 500 ku kwezi.
  2. Abafise umushahara uri hagati y’ibihumbi 50 n’ijana batanga 1000 ku kwezi.
  3. Abafise hagati y’ibihumbi 100 n’amajana abiri bakatwa ibihumbi bibiri.
  4. Abahembwa hagati y’ibihumbi 200 n’amajana atanu batanga ibihumbi bitanu buri kwezi.
  5. Abahembwa hagati y’ibihumbi 500 n’umuriyoni bakatwa ibihumbi 30 ku kwezi.
  6. Abafise umushahara w’umuriyoni kuduga baterera umushahara wabo w’ukwezi kwose buri mwaka. Umugwi ugizwe n’amadini, amashirahamwe, amakoperative n’amahinguriro, itegeko ntirivuga igitigiri c’amafaranga baterera ingene kingana. Iryo tegeko rivuga ko bazoterera ukwo bavyumvya.

Umugambi wo guterera amatora wuguruwe icese n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu kwezi kw’icenda 2017, aho yatanga amafaranga y’amarundi imiriyoni zitanu, ahamagarira n’abandi barundi bose guterera. Uwo mugambi ukaba watanguye kuja mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2018.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS