Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ahanura abegereye amabaraba yononekaye ko boyasanura bahanahana

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ahanura abanyagihugu begereye amabaraba yononekaye ko bogerageza kuyasanasana, mu kurindira ko uburyo bw’ukuyubaka buboneka. Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka y’Uburundi atanga nk’akarorero k’ibarabara ry’igihugu RN9 aho avuga ko abajewe intwaro bovugana umwe wese agakora aho aherereye.

Ibarabara ry’ikaburimbi RN9 ribonekamwo ibinogo vyinshi ku baricamwo yaba abaduze mu ntara ya Bubanza canke abamanutse i Bujumbura. Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda ahanura abarongoye amakomine iryo barabara ricamwo kugenda barahanahana, mu gusanura iryo barabara gushika mu gisagara ca Bujumbura :

“Twagomba tugende turahanahana ku makomine ku makomine, ndetse twinjire no mu gisagara ca Bujumbura kuko biboneka ko kurikora neza ari uguhera hariya ku Mutakura tugenda turazibira ibinogo mu bikorwa rusangi twunganire Reta mu kurindira y’uko uburyo buzoboneka bw’ukugira iryo barabara rikorwe neza. Rimaze igihe, ririko rirasaza, ariko murazi ko hari igice kimwe kitari gikoze, uno munsi cakozwe n’aho hari ivyo gukosora bikeyi. Ni ukuvuga uvuye hariya kuri ETB uduga gushika ku Masango, aho harakoze, mugabo igice co hepfo rero naco ibinogo vyabaye ndanse. Uriko uraca ngaha aho bita ku Gikoma aha mu Carama ukaduga murabona ko ibinogo ari vyinshi. Rero dufadikanije n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura mu gice co mu gisagara tukahakora, tukumvikana na Nyakwubahwa Buramatari w’intara ya Bujumbura aha muza Kivoga tukahakora, tukabandanya tugashikira aha ku Muzinda ni muri komine ya Rugazi tukahakora, gutyo gutyo gushika ivyo binogo tubizibire, ndizeye neza ko n’abashoferi basanzwe baricishamwo imodoka nabo nyene bazoza tugakora kugira ibarabara turikore neza. Turateye akamo abanya Bubanza n’abo muri Mairie n’abandi bose bari ku mabarabara atandukanye usanga uno munsi yuzuye ibinogo vyinshi. Turashobora kuba turasanasana ivyo dushoboye.”

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yabishikirje kuri uwu wa kane muri komine Musigati intara ya Bubanza, aho yari yagiye kwifadikanya n’abanyagihugu bo mu mutumba Ngomane aho bariko baca ibarabara rihuza amakomine ya Musigati na Mpanda. Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba yashimiye umunyagihugu azwi kw’izina rya Eric avuka muri iyo komine ya Musigati, kuko ariwe yazanye iciyumviro c’ugutanguza ibikorwa vy’uguca iryo barabara, mbere agatanga n’amafaranga yiwe ku bahinga (Topographes) berekanye aho igice ca mbere c’iryo barabara kizoca. Umukuru w’inama nshingamateka yemereye abanyagihugu bo ku mutumba Ngomane ko azotanga amafaranga y’ukwerekana aho igice ca kabiri c’iryo barabara kizoca, abaha intererano y’amasuka, ibipawa n’amasipiri, yongera atanga imfashanyo y’imfungurwa igizwe n’umuceri n’ibiharage ku miryango yo kuri uwo mutumba.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS