Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umumenyereza w’Intamba yemeza ko yiteguriye urukino ruhuza Uburundi na Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 23 amenyesha ko abakinyi biwe bifashe neza kandi ko rukino rubahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore barwiteguriye neza.

Omar Ntakagero ashikiriza ko n’aho abakinyi afise bashitse mu mwiherero (Local) barushe, ababijejwe bakoze ibishoboka vyose kugira batangure kwitegurira urwo rukino bameze neza.

“Omar Ntakagero, umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 : “Gushika ubu abakinyi bose bameze neza, uravye tukibaronka kuwa mbere, twabaronse barushe kubera championnat twari tuvuyemwo, bakinye match umunani mu ndwi zitatu, mugabo ubu abaganga barakoze uko bashoboye. Muri uwu mwanya bameze neza gose. Ntawurwaye, barakomeye, bameze neza, barindiriye gukina match gusa.”

Uburundi butana mu mitwe na Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu isaha icenda, urukino rw’ugusubiriza rukazoca ruba ku munsi wa kabiri w’indwi iza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS