Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuporisi yishe abantu bane mu Gatumba yaciriwe urubanza

Sentare nkuru ya Bujumbura yahanishije umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose umuporisi APC Leopold NIZIGIYIMANA yishe arashe abantu bane  harimwo umuporisi mugenzi we ku munsi wa gatandatu muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Uwo yaciriwe urubanza yakomerekeje kandi n’amasasu abandi bantu bane.

Urwo rubanza rwasomwe mu ntahe y’ikibiriraho yabaye ku mugoroba wo ku munsi wa mbere.

Abantu bane bagizwe n’umuporisi umwe hamwe n’abanyagihugu batatu bishwe barashwe amasasu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, muri zone Gatumba, mu bunywero bita “Bar Ku Mbingo”. Abo bantu bishwe barashwe n’umuporisi w’Uburundi.

Amasasu yahitanye abo bantu bane yumvikanye nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko ari umuporisi w’Uburundi azwi kw’izina rya APC NIZIGIYIMANA Léopold yarashe mugenzi we w’umuporisi APC MAGENGE Léopold, n’abandi banyagihugu batatu bari muri ubwo bunywero. Abo bantu bose uko ari bane baciye bitaba Imana aho nyene, n’abandi bane nyene barakomereka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS