Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuririmvyi Minani Félicien Nsengiyumva yimirije urugendo mu Burundi rw’ugutanguza ibikorwa vya UNABUDI

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buherutse kwemerera gukorera ku mugaragaro ishirahamwe ridaharanira inyungu za poritike ryitwa “Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose”, ishirahamwe rizoba rihurikiyemwo abakoresha ubuhinga mvabwenge mu mirimo yabo ya minsi yose, mu Burundi no mu makungu.

Minani Félicien Nsengiyumva aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe UNABUDI (Union des Artistes du Burundi et de la Diaspora) arasigura intumbero y’iryo shirahamwe ryemerewe gukorera ku mugaragaro :

“Intumbero nyamukuru ya UNABUDI ni iyo gukoraniriza hamwe abana b’Uburundi bafise ingabirano zitandukanye mu bijanye n’umuziki, utugenegene, abanditsi b’ibitabo, abagira amareresi n’abandi baba mu Burundi no mu makungu, kugira turabire hamwe ingene twokwiteza imbere muri izo ngabirano Imana yaduhaye, ku neza yacu ubwacu, iy’abenegihugu, n’iy’igihugu cacu ahanini twipfuza yuko gitera cane imbere muri ico gisata, n’amakungu akamenya ko Uburundi ari igihugu ciza cane gifise ingabirano nyinshi ngirakamaro kuri benshi baba hirya no hino kuri ino si. Nikwo kwikukira nyakuri.”

Mwomenya ko uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UNABUDI, umuririmvyi Minani Félicien Nsengiyumva aba mu gihugu ca Norvege, yimirije vuba cane kuja mu Burundi, mu bikorwa azorangura, nk’uko abishikiriza, harimwo ugutanguza icese ku mugaragaro ibikorwa vya UNABUDI.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS