Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuririmvyi w’umurundi yafatanwe ibiyayuramutwe apfungiwe muri Uganda

Umuriririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya Yvan Muziki asanzwe aba mu gihugu c’Ububirigi apfungiwe mu gihugu ca Uganda, inyuma y’ugufatanwa ibiro cumi na bitandatu n’inusu (16,5Kg) vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa héroïne.

Ivyo biyayuramutwe vyafatiwe ku kibuga c’indege c’i Entebbe mu gihugu ca Uganda, akaba yafatanwe n’abandi bantu batandatu, nk’uko vyemezwa n’imboneshakure NBS yo muri ico gihugu.

Batanu muri abo bafashwe ni abo mu gihugu ca Uganda, umurundi umwe Yvan Muziki hamwe n’umwe wo mu gihugu ca Sierra-Léone. Imboneshakure NBS yo mu Buganda ivuga ko ivyo biyayuramutwe vyari vyanyegejwe mu masakoshi y’abagore, hamwe n’ibirato (Sandales).

Luke Owoyesigyire, icegera c’umuvugizi w’igiporisi ca Uganda amenyesha ko bamwe muri abo bafashwe harimwo n’umurundi Yvan Muziki bari bafise ivyo biyayuramutwe, abandi bakaba bafashwe inyuma y’amatohoza yakozwe.

Mu gihe icaha bakurikiranwako cobagira, igitabu mpanavyaha c’igihugu ca Uganda kivuga ko bashobora guhanishwa umunyororo w’ukuva ku myaka cumi kuduga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS