Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Burundi – Afrika y’epfo : Umuriyoni umwe ku mukinyi umwe w’Uburundi wemewe na FFB

Komite nyobozi y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ryemereye abakinyi b’intamba mu rugamba badashikana imyaka bari muri Niger ko hamwe boronka uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, umukinyi wese azoronswa amafaranga y’amarundi agera ku muriyoni (1.000.000 Frs Bu) y’agashirukabite gatanzwe na FFB (Fédération de Football du Burundi).

Intamba mu rugamba zifise igikorwa kidasanzwe c’ugutegerezwa gutsinda Afrika y’epfo, kugira amahirwe y’ukubandanya ihiganwa abe menshi. Urwo rukino ruba mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, i Niamey muri Niger, isaha imwe n’iminota mirongo itatu. Gushika ubu imirwi irutana uku inyuma y’inkino zibiri zimaze gukinwa :

-Nigeria:amanota 4, igitsindo 2
-Niger:amanota 2, ibitsindo4
-Afrika y’epfo:amanota 2, igitsindo 1
-Burundi:inota 1, ibitsindo 3

Intamba U20 zisabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, aho ni mu gihe Nigeria izoba yatsinze mu rundi rukino.Igikorwa kigoye ariko gishoboka ku murwi w’Intamba z’abadashikana imyaka 20.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS