Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umurundi afise ubwenegihugu bw’Ububirigi yafatanwe ibiyayuramutwe

Umugabo azwi kw’izina rya Ndisabiye Janvier Désiré asanzwe afise ubwenegihugu bw’Ububirigi ari mu minwe y’igiporisi c’Uburundi kuva kuri uwu wa 7 Ndamukiza 2019, inyuma y’aho afatanwe ibiyayura mutwe yari aje kudandaza mu Burundi.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo mugabo yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, akaba yafatanwe ibiro indwi vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko baravye igipapuro c’inzira c’uwo yafashwe, biboneka ko yahora akora ingendo nyinshi mu Burundi, avuye mu Bubirigi, mu giporisi bakikeka ko izo ngendo zari izo kwinjira ibiyayuramutwe mu Burundi.

Ndisabiye Janvier Désiré agiye gushikirizwa ubutungane, nk’uko mu giporisi babivuga.

Ivyo biyayuramutwe bifatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, inyuma y’aho ata minsi myinshi yari iheze abandi banyamahanga babiri bafatanwe ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa “Heroine”.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS