Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umurundi yatowe mu murwi wa ONU ujejwe ibibazo vy’abasangwabutaka

Umurundi wo mu bwako bw’abasangwabutaka “Abatwa” Vital Bambanze yatowe kw’izina rya Reta y’Uburundi kugira aje mu murwi wamaho w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe kwiga ibibazo vy’abasangwabutaka (Instance permanente des Nations Unies sur les questions autochtones).

Vital Bambanze avuga ko itorwa ryiwe rizotanga akarusho ku basangwabutaka b’Abarundi, kuko bizotuma agateka kabo kitabwaho na Reta ifadikanije n’ayandi mareta aserukiwe muri uwo murwi wa ONU.

“Akarusho karimwo n’uko igihugu kiba cemeye ko abo basangwabutaka babaho mu gihugu. Baba bemeje kandi ko ivyo vyose bijanye n’akaranga, amatongo, ibidukikije, indero Reta igiye kubikorerako kugira ifashe abo bantu.”

Uwo murwi wamaho w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe kwiga ibibazo vy’abasangwabutaka ugizwe n’abantu 16, ukaba wiga ibibazo vy’abasangwabutaka bijanye n’indero, akaranga, ibidukikije, hamwe agateka ka zina muntu

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS