Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umurwi CENI uhanura abanyeporitike kwama bashira imbere ikiyago

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI wakoranije kuri uwu wa kabiri abegwa n’ikibazo c’amatora mu gisagara ca Bujumbura, ni ukuvuga abarongoye amakomine, abaserukira imigambwe, amasengero, abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’abaserukira abajejwe umutekano, mu nama yatunganijwe mu ntumbero y’ugutsimbataza intwaro rusangi, hamwe n’ukwitegurira batekanye amatora yo mu mwaka w’2020.

Mw’ijambo yashikirije yugurura iyo nama, Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI yasavye abanyeporitike gushira imbere ikiyago mu bihe vy’amatora, kugira birinde amatati imbere y’amatora, mu matora nyezina hamwe n’inyuma y’amatora.

Petero Karaveri Kazihise arongoye CENI ahanura urwaruka kutisuka muri poritike hamwe n’ukuzirikana ko aribo Burundi bw’ejo.

Kubwa Kazihise, kugira intwaro rusangi itsimbatare mu Burundi, ni ukwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe n’ukwubaha amategeko.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS