Amakuru AgezwehoBurundi

Umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu wahagaritse ibikorwa mu Burundi

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wahagaritse ku mugaragaro ibikorwa vyawo mu Burundi, Reta y’Uburundi ikaba ariyo yasavye iyugarwa ry’ico gisata ca ONU cahora gikurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Iyo ngingo y’ukwugara burundu ibiro vy’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ifashwe inyuma y’imyaka ibiri Reta y’Uburundi imenyesheje ko ihagaritse gukorana n’uwo murwi, Reta y’Uburundi isaba mbere kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2018 ko uwo murwi wohagarika ibikorwa vyawo mu Burundi.

Insiguro yatanzwe na Reta ivuga ko Uburundi bwateye intambwe mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu, kandi ko Reta yashizeho imirwi y’igihugu ijejwe agateka ka zina muntu.

Mw’itangazo umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wasohoye, bamenyesheje ko bugaye ku mugaragaro kuva inyuma y’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019.

Uwo murwi (Office du Haut-Commissariat des Nations Unies aux Droits de l’Homme au Burundi) wari umaze imyaka 23 ukorera mu Burundi, muri uwo murwi bakaba bamenyesha ko iryo yugarwa rizogira ingaruka ku banyagihugu bahora bafashwa n’ico gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

 

 

Show More

Related Articles

One Comment

  1. Nakamaramaza kwumva uwujejwe umutekano yirara mubanyagihugu aho ariwe yobarenganuye.kandi nibiterasoni nama nabibony kenshi ukabona uwujejwe umutekano yinjira mukabare yambaye umwmbaro wakazi ninkoho kumugongo.birya ntaho vyakabaye.nibabahane cane cane Police.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close