Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wipfuza gukurikirana imyiteguro y’amatora yo mu 2020

Doudou Diène umukuru w’umurwi ujejwe amatohoza y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku Burundi avuga ko iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, iyubahirizwa ry’ukwishira n’ukwizana, hamwe n’ubutandukanye bw’ivyiyumviro vya poritike ari ibintu nkenerwa mw’itunganwa ry’amatora yizewe kandi ahuza bose mu mwaka 2020. Uwo murwi wa ONU umenyesha ko ukeneye gukurikirana imyiteguro yose y’ayo matora.

Mu gihe yariko ashikiriza i Genève kuri uwu wa kabiri icegeranyo c’amatohoza y’umurwi wa ONU ku Burundi ujejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, Doudou Diène arongoye uwo murwi yamenyesheje ko n’aho Reta y’Uburundi yemeye ishirwaho ry’umugambwe mushasha wa Rwasa Agathon ariwo CNL (Congrès National pour la Liberté), hakwiye gukorwa ibishoboka vyose kugira mu myiyamamazo y’amatora yo mu 2020, abazokwitoza hamwe n’abazotora ntibazogire amakenga ko bashobora kugirirwa nabi, canke ntibazoterwe ubwoba.

Abagize uwo murwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi bavuga ko bategekanya gukurikiranira hafi ingingo zose zifatwa na Reta y’Uburundi, hamwe n’ibikorerwa vyose ku rubuga bifitaniye isano n’imyiteguro y’amatora yo mu 2020, kugira bashobore kubona ibishobora gukwega ubugizi bwa nabi canke ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.

Abagize uwo murwi bamenyesha kandi ko barajwe ishinga n’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi y’ugutoza intererano y’amatora ku ngo zose zo mu Burundi. Kubw’uwo murwi, iyo ngingo ihohotera agateka zina muntu, kuko hari abanyeshure bankirwa kwiga kubera bataratanga ayo mafaranga. Uwo murwi unegura kandi amafaranga atozwa mu kwubaka muma komine ingoro z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Umurwi wa poritike, kubwa Reta y’Uburundi

Martin Nivyabandi, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, asanzwe ari aho i Genève mu gihugu ca Swisse avuga ko yakurikiranye kw’izina rya Reta y’Uburundi ico cegeranyo ca Doudou Diène, akiyamiriza ivyo vyashikirijwe.

“Twarakurikiranye raporo yashikirijwe na Doudou Diène arongoye wa murwi washirwaho naka kanama kajejwe agateka ka zina muntu Uburundi buvyiyamiriza, Uburundi bwerekana ko uwo murwi ataco umaze, ataco uzoshikako. Ubu rero nk’uko vyari bitegekanijwe, waratanze raporo yawo. Ni raporo muvy’ukuri ata kintu gishasha iza kuzana kuko yerekana ko mu Burundi hariho uguhonyangwa kw’agateka ka zina muntu, agashaka gucira imaza ibikorwa bikorwa n’imirwi n’amashirahamwe ajejwe guteza imbere agateka ka zina muntu. Ivyo rero ko twamaze kubibona ko isanzwe ari ingendo yiwe, twari twamaze n’ukuvyiyamiriza.”

Umushikiranganji Martin Nivyabandi amenyesha kandi ko bitangaje ingene uwurongoye uwo murwi avuga ivy’amatora ataraba, akemeza ko uwo murwi ukora poritike kuruta agateka ka zina muntu :

“Usanga yinjira muvy’amatora ataranaba, ugasanga ariko arifatira mu gahanga inzego za Reta. Twanye tuvuga ko irya commission ari iya poritike gusumba y’uko yoba ije kuraba ivy’agateka ka zina muntu. Twebwe rero ingingo twafashe y’ukutazigera twemera n’umunsi n’umwe ko urya murwi winjira mu gihugu cacu, twasanze tutihenze, ni ingingo yiyumviriweko, kandi ivyamwa vy’urya murwi biriko biravyerekana.”

Umushikiranganji Martin Nivyabandi asaba amakungu kwiyamiriza ico cegeranyo hamwe n’ibikorwa vy’uwo murwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi, kuko kubw’uwo mushikiranganji, abawugize ata kindi bashaka kiretse kwerekana isura mbi y’igihugu c’Uburundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS