Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji Ezechiel NIBIGIRA yaserukiye Uburundi mu nama i Addis Ababa

Inama nshingwabikorwa igira iya 32 y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yatanguye i Addis Ababa mu gihugu ca Ethiopie kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2019.

Uburundi bwaserukiwe muri iyo nama na Ezechiel NIBIGIRA, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba yashitse i Addis Ababa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2019.

Imbere y’uko iyo nama itangura, kuri uwu wa gatatu, umushikiranganji Ezechiel NIBIGIRA yarabonanye n’abategetsi batandukanye, aho twobabwira nka Murisho Jakaya KIKWETE yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vya Comores na Djiboutie, hamwe n’icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ibindi bihugu.

Iyo nama yatanguye icese kuri uwu wa kane izomara iminsi ibiri, ikazosozerwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS