Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yatanze inyishu ku vyasabwe na FENADEB

Inyuma y’aho ishirahamwe FENADEB ryitaho ineza y’abana ryandikiye ikete umushikiranganji w’inyigisho rimumenyesha ko yohagarika ingingo y’abayobozi b’amashure yisumbuye birukana abanyeshure kubera bataratanga amafaranga y’intererano y’amatora yo mu 2020, umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yamenyesheje ko guterera amatora ari umugambi wa Reta y’Uburundi, ariko ko abanyeshure bataratanga ayo mafaranga batari bakwiye kwirukanwa.

Mw’ikete yandikiye abayobozi b’inyigisho ku rwego rw’intara bose, umushikiranganji ajejwe inyigisho Janvière NDIRAHISHA yabasavye ko bobandanya gushira mu ngiro iyo ngingo, ariko ko bokoresha ubundi buryo atari kwirukana abanyeshure batarariha intererano y’amatora.

Itegeko rivuga ivy’intererano y’amatora rishira mu migwi itatu Abarundi bazosabwa intererano. Umugwi wa mbere ugizwe n’abirimizi borozi, uwa kabiri urimwo abakozi ba Reta, mu gihe uwa 3 ugizwe n’amashirahamwe, ama syndicat, amahinguriro, amakoperative n’amadini.

Ku birimizi, urugo rutanga amafaranga ibihumbi bibiri ku mwaka, urwaruka rufise imyaka yo gutora bariha umwe umwe amafaranga igihumbi ku mwaka.

Abari muri uwo mugwi batanga amafaranga ku bajejwe intwaro mu makomine, abo nabo baheze bayegeranye bace bayajana kuri konte iri mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Abakozi ba Reta ariwo mugwi wa kabiri, bakatwa amafaranga ku mishahara hisunzwe umwe wese ingene ahembwa:

  1. Abakozi batarenza ibihumbi 50 vy’umushahara bakatwa 500 ku kwezi.
  2. Abafise umushahara uri hagati y’ibihumbi 50 n’ijana batanga 1000 ku kwezi.
  3. Abafise hagati y’ibihumbi 100 n’amajana abiri bakatwa ibihumbi bibiri.
  4. Abahembwa hagati y’ibihumbi 200 n’amajana atanu batanga ibihumbi bitanu buri kwezi.
  5. Abahembwa hagati y’ibihumbi 500 n’umuriyoni bakatwa ibihumbi 30 ku kwezi.
  6. Abafise umushahara w’umuriyoni kuduga baterera umushahara wabo w’ukwezi kwose buri mwaka. Ku mugwi wa 3 ugizwe n’amadini, amashirahamwe, amakoperative n’amahinguriro, itegeko ntirivuga igitigiri c’amafaranga baterera ingene kingana. Iryo tegeko rivuga ko bazoterera ukwo bavyumvya.                                                                                                                                                                                                              Umugambi wo guterera amatora wuguruwe icese n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu kwezi kw’icenda 2017, aho yatanga amafaranga y’amarundi imiriyoni zitanu, ahamagarira n’abandi barundi bose guterera. Uwo mugambi ukaba watanguye kuja mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2018.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS