Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI asaba ubufasha bw’igiporisi ku bana bo mw’ibarabara

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI asaba abaporisi cane cane bakorera ku mabarabara ko bofasha gukurikirana hamwe n’uguhagarika ikibazo c’abana bamanuka i Bujumbura bari ku biduga binini binini, uburyo bwo kwiyunguruza bita « Dunyuri ».

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yabivugiye mu nama nshikiranganji yabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa 20 Ruhuhuma 2019, akaba yabwiye kandi abagize inama nshikiranganji y’Uburundi ko abana bo mw’ibarabara basubiriye kwibonekeza ku bwinshi mu gisagara ca Bujumbura. Aho ni inyuma y’aho Reta y’Uburundi ifatiye ingingo ko abo bana bose bafatwa bagasubizwa mu miryango yabo canke mu bigo vy’irerero.

Mw’ishirahamwe riharanira agateka k’abana FENADEB bavuga ko bafise amakenga ko abana bakurwa mw’ibarabara ku nguvu badateba kuhagaruka.

Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB avuga ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

« Imvo zituma abana baja mw’ibarabara ziratandukanye. Mu gihe bokurwayo bose bakajanwa mu miryango, mu gihe icabatumye kuja mw’ibarabara kikiriho, nta buhungiro boba baronse. »

Jacques NSHIMIRIMANA avuga kandi ko hakwiye gukorwa ivyigwa bikomeye mu ntumbero yo gufasha abana bo mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe bikaba vyerekana ko ibice 20 kw’ijana vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo, nayo abarenga 60 kw’ijana baca basubira mw’ibarabara.

Abana bangana 200 nibo basubijwe mu miryango yabo mu ntara zitandukanye, inyuma y’aho begeranijwe hamwe mu kigo citwa Enfant Soleil gifadikanije n’ikigo CNLSP c’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu no gufata mu nda.

Umuvugizi w’ubushikiranganj bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Petero NKURIKIYE avuga ko abo bana bari bamaze imisi begeranywa n’igiporisi gikorera mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga ko ibaye incuro ya 14 abana nk’abo basubizwa mu miryango iwabo ariko bagaca bagaruka mu mabarabara mu gisagara ca Bujumbura, ata n’iminsi ihaciye.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS