Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji w’indero aragabisha abanyeshure bitaburiyeko impuzu

Umushikiranganji ajejwe indero arababisha abanyeshure bitaburiye inpuzu inyuma y’uguheza gukora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukuja mu mashure ya Kaminuza.

Umushikiranganji Janviere Ndirahisha avuga ko ivyakozwe n’abo banyeshure ari ingendo igayitse.

“Ivyabaye ku rwaruka ruheruka guheza ikibazo ca Reta si vyiza kuko ni urwaruka twitezemwo kazoza k’igihugu. N’ukuri twagaye ingendo y’ugutabura impuzu, cane cane ko atari izo baguze, zaguzwe n’abavyeyi kandi inyuma yabo hari urundi rwaruka ruzikeneye. Gushika ubu ntibaramenya mw’ishure, bashobora kugaruka kundondera. Baratabuye impuzu dushobora gufata izindi ngingo. Ni ukuri iyo ngendo siyo, nsaba abavyeyi ko twofashanya kurera. Namba twizeye ko dushaka igihugu ciza mu myaka iza, reka izo ngendo zigayitse tuzihagarike.”

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS