Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji w’ubutungane aragabisha bamwe mu bacamanza ba Sentare ya komine Ntahangwa

Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana ajejwe ubutungane aragabisha abacamanza badatunganiriza ababitura hamwe n’abarya ibiturire. Uwo mushikiranganji yagiriza kandi bamwe mu bacamanza ba Sentare ya komine Ntahangwa ko badakora akazi bajejwe uko bitegerezwa.

Abo bacamanza ba komine Ntahangwa bagirizwa kandi n’umushikiranganji abajejwe ko bakingira ikibaba inkozi z’ikibi, aho agatanga akarorero k’abacamanza bo muri iyo Sentare ya Ntahangwa bambitse izera umuntu yafashe ku nguvu umwana w’umwigeme.

“Birababaje muri Sentare aho abantu bubahuka guca urubanza, jewe narumiwe, umuntu aka viola umwana hanyuma bagafata umu violeur, bagaca bamurekura muri chambre de conseil, bahengereye le violeur yarahunze, baciye baca urubanza atariho ari, baca baramweza. Abaruciye sinobavuga amazina bariyizi, mugabo murumva ko ari ibara.”

Uwo muntu yari yafashwe yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwana w’umwigeme, inyuma y’uguhunga yarasubiriye kandi arafatwa, ariko bamugarukanye mu butungane akaba yaciye yerekana urupapuro yahawe na Sentare ya Ntahangwa, ruvuga ko yambitswe izera. Umushikiranganji Kanyana avuga ko iryo ari ibara mu butungane bw’Uburundi, akemeza ko ingingo zikomeye zigiye gufatirwa abacamanza baciye urwo rubanza :

“Nje kuvuga ubwa nyuma y’uko umuntu yagiye gukora akazi atazi, umuntu azi ko yagiye kugashiramwo amanyanga, aterere hasi kuko novuga ko mugiye gushira. Une Population yarushe, imerewe nabi kubera abantu baguma bagira amanyanga, mwebwe aho kuja gufasha kugira bihere, mukaja gushigikira abononyi gusa. Birateye isoni aho abenegihugu birirwa barakora ngaho hose kw’ibarabara batanga ikori basubira kugira bashobore kuronka karya gashahara mugaya gatoyi, abandi badafise barira, bakipfuza icokabaha, mugabo mwebwe akarangamutima kakabajana.”

Ivyo umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yabishikirije kuri uwu wa mbere, mu birori vy’ukwugurura Sentare isubiramwo imanza ikukira komine Ntahangwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS