Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umushikiranganji w’ubutungane avuga ata muntu ashobora gufatwa ata mutahe ahawe

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana avuga ko ata muntu ashobora gufatwa ata mutahe w’ukumuhagarika yeretswe. Uwo mushikiranganji amenyesha ko iyo bishitse uwo afashwe aba ahohotewe.

Umushikiranganji w’ubutungane amenyesha ko abantu bafatwa ku mitahe itandukanye baronswa :

“Imitahe iratandukanye. Hariho umutahe utangwa na Procureur hamwe n’uwundi mutahe ushobora gutangwa n’igiporisi, bivanye n’umwe wese aho aba ageza, n’ububasha bwiwe.”

Umushikiranganji Kanyana yemeza ko atawufatwa ata mutahe w’ukumuhagarika yeretswe, ariko ko hari igihe bishika, aho naho abafashe uwo muntu bagategerezwa guca babimenyesha hakiri kare :

“Nta muntu ashobora gufatwa ata mutahe. Bishitse naho rero umwenegihugu agafatwa ata mutahe, bimenyeshwa hakiri kare kugira ngo umuntu ntarinde kuvundira aho hantu. Kuko bisigura ko umuntu arinze afatwa ata mutahe, ni ukuvuga ko haba hariho umuntu ariko aramuhohotera.”

Aimée Laurentine Kanyana yabishikirije kuri uwu wa kabiri, mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS