Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Bubanza : Umusirikare wo mw’ikambi ya 47 ya Amisom yapfuye arashwe n’umuporisi

Umusirikare azwi kw’izina rya Caporal NDIHOKUBWAYO Alexis wo muri Bataillon ya 47 ya AMISOM yaraye yishwe arashwe n’umuporisi ajejwe gucungera umutekano w’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza. Hari nk’igihe c’isaha imwe n’iminota 15 z’ijoro, kw’ibarabara RN9 Bujumbura Bubanza, ku ruhande rwo ku Muzinda, hafi y’ihoteri “Quiet Hotel”.

Mu giporisi c’Uburundi basigura ko uwo muporisi yarashe uwo musirikare mu ntumbero y’ukumwivuna (Légitime défense). Petero Nkurikiye avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo musirikare yari amaze gutuka incuro zibiri uwo muporisi, yongera atuka n’umushikirzamanza kizigenza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza.

Petero Nkurikiye avuga kandi ko uwo musirikare yakubise uwo muporisi acungera umutekano w’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza, yongera amwaka inkoho.

Umusirikare Caporal Ndihokubwayo Alexis asanzwe yari yambaye impuzu zitari iz’igisirikare (Tenue civile), yariko yiyunguruza mu muduga wo mu bwoko bwa Probox nk’uko mu giporisi babivuga, akaba yariko yunguruza n’abandi bantu.

Ayo makuru atangwa n’igiporisi abandanya avuga ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yari yamuhagaritse kugira amubaze igituma ariko agendera ku muvuduko udasanzwe (excès de vitesse et dépassements interdits) ku buryo yari gushobora guteza amasanganya abandi.

Ikiziga c’uwo musirikare caciye gitwarwa mu buruhukiro i Bujumbura n’umukuru w’ikambi yo ku Muzinda hamwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza ariko arakorwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS