Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umusirikare w’Uburundi yarashe uwutwara akarere k’uburengero mw’ishirahamwe REGIDESO

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro ku musozi Gahahe, karitiye ya Gikoma, zone Rubirizi, komine Mutimbuzi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ari umusirikare yarashe uwutwara akarere k’uburengero mw’ishirahamwe REGIDESO, ariko Imana ikaba yarakinze ayo masasu ntiyamufashe.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ayo masasu yumvikanye yarashwe n’umusirikare w’Uburundi asanzwe acunga umutekano w’intwazangabo iba aho ku musozi Gahahe, karitiye ya Gikoma, zone Rubirizi, komine Mutimbuzi.

Nk’uko mu giporisi babisigura, uwo atwara akarere k’uburengero mw’ishirahamwe REGIDESO yashwanye n’uwo musirikare acungera umutekano w’intwazangabo, amukubita ikofe, uwo nawe amwihora mu kumurasa amasasu abiri, ariko Imana ikaba yarakinze ntiyamufashe uwo mukozi wa REGIDESO. Amakuru ava aho mu Gahahe avuga ko uwo musirikare (Caporal) yakubiswe ikofe mu gihe yariko akorakora umugore w’uwo mukozi wa REGIDESO.

Mu giporisi bashikiriza ko abajejwe umutekano banyarukiye gushika ahari humvikaniye ayo masasu, uwo musirikare yarashe akaba apfungiwe mu gasho ka zone Rubirizi, ku mvo z’amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS