Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arahanura abagabo bahitamwo kuja kurondera uruvyaro ahandi

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Bucumi Nkurunziza ahanura abarundi ko bakwiye kwiga ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, abantu bakamenya ko hatavyara umugore canke umugabo, ahubwo ko bavyara bose.

Denise Bucumi Nkurunziza umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi ahanura abagabo batararonka uruvyaro ko bokwijukira kuja kwa muganga, bavavanure n’ingeso y’ukurenga ibigo hamwe n’ukwagiriza abagore babo ko aribo batavyara. Abakenyezi nabo abahamagarira gutandukanya imvyaro.

« Ikibazo c’ubugumba ni ikibazo dukwiye guhagurukira, kuko murazi ingene umugore atavyara aturubikwa n’umugabo hamwe n’umuryango yagiye kwabirwamwo, gushika n’aho bamwe bamwe birukanwa. Muri ico gihe hari bamwe n’uguhahamuka bahahamuka. N’umugore avyara intahekana agira izindi ngaruka  mbi ku magara yiwe no kw’iterambere ry’umuryango n’igihugu.”

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yibutsa kandi ko ubugumba butava ku bagore gusa, nk’uko bamwe bavyiyumvira.

« N’aho rero twavuze ko ubugumba bufata abagabo n’abagore ku rugero rungana, biraboneka ko abagabo batarajijuka kuja kwa muganga. Aho kuganira n’abo bubakanye kuri ico kibazo c’ubugumba ngo baje kwa muganga, bahitamwo kuja kurondera uruvyaro ahandi. Harageze nimba hatoba haranarengeranye, ko duhindura ingendo, tukajijuka, gutyo tukaba intangarugero mu gutanga impanuro ku magara y’abubatse, umwe wese aho aherereye. »

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yabishikirije kuri uwu wa kane i Bugarama mu ntara ya Muramvya, aho yariko yugurura icese inama y’uguhimiriza abarongoye abandi mu nzego z’igihugu, abarongoye amashengero, hamwe n’abegwa n’ikibazo kijanye n’irondoka rijanye n’amagera meza hamwe n’ubugumba. Intara zari zitavye iyo nama ni igisagara ca Bujumbura, intara ya Bujumbura, Bubanza, Cibitoke hamwe na Muramvya.

Mwomenya ko ku kibazo c’ubugumba, ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS bivuga ko ubugumba buri mu ngo z’abubatse zingana n’imiriyoni amajana umunani mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Ku bice 80 kw’ijana, ubwo bugumba buva ku ngwara z’abakenyezi zitavuweneza (Infections). Kw’isi nzima, ingwara z’ubugumba ziza ku bice 33 kw’ijana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS