Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umutekano w’abantu hamwe n’amazu aho bita Ku Winterekwa urabangamiwe

Abanyagihugu bo ku musozi Winterekwa uri muri zone Gihosha, komine Ntahangwa bageramiwe n’umusozi ushobora kubahitana hamwe n’amazu yabo. Amwe muri ayo mazu yaramaze kubomoka, ayandi nayo akaba yuzuye imigaga. Bamwe muri abo banyagihugu barataye amazu yabo, kubera ubwoba ko uwo musozi uhanamiye igisagara ca Bujumbura ushobora kubarwako. Inzu zirenga 35 nizo zibangamiwe.

Umwe mu banyagihugu ko ku Winterekwa muri zone Gihosha avuga ko haheze amezi abiri babona amazi yiburuka : “Haraheze amezi abiri, amazi aguma yiburuka, duca dutangura kubona imigaga igenda bukebuke yaguka. Ico twebwe dusaba n’uko Reta yodufasha ikaducira imiserege kugira amazi aza mu gihe c’imvura aronke aho ashikira.”

Mu giporisi kijejwe gukinga ibiza n’impanuka baremeza ko umutekano w’abo banyagihugu ubangamiwe. Antoine Ntemako, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gukinga ibiza n’impanuka, agira ati : “Ni ibintu bikomeye cane, amazu amwe agerekeranye yamaze kumanuka. Twebwe ico tujejwe ni ukuraba ubwa mbere na mbere icokorwa kugira dutabare. Amazu yamaze kubomoka, abantu ntawurahasiga ubuzima. Ingingo  nziza yofatwa kugira dukingire abo bantu, ni ukurondera aho abo bantu baja.”

Mu gihe abanyagihugu boba bakuwe muri ico kibanza, Antoine Ntemako amenyesha ko hoca hakorwa ivyigwa vy’abahinga, kugira barabe ko ari ikibanza gikwiriye kwubakwamwo amazu, agasaba abariko barubaka ko bobanza bagahagarika, habanze hacibwe amabaraba yerekana aho amazi ashobora guca.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS