Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

« Umuvugishwa Modeste » apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza i Bujumbura

Pasitori Kayihura Modeste azwi kw’izina rya « Prophète Modeste », asanzwe ariwe arongoye ishengero « Faith Practice Miracles Ministries » rikorera kw’ihotero Source du Nil apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza mw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, akaba yafatiwe mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko amakuru dukura mu butungane abimenyesha.

« Umuvugishwa Modeste » afashwe inyuma y’aho avugiye kuri Radio Buja FM ko ataronse amafaranga y’ikigiracumi kuyo umukinyi wese w’Intamba mu rugamba yahawe nk’agashirukabute k’aho Uburundi bwaronse uburenganzira bw’ukuja ubwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika, ko abo bakinyi n’aho bazoja muri iryo higanwa muri Egypte ata murwi n’umwe bazotsinda, kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri Egypte.

Pasitori Kayihura Modeste yemeza ko yari yavuze ko Uburundi buzoganya na Gabon imbere y’uko urukino ruba, gutyo Uburundi bukaronka amahirwe y’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (CAN). Iminsi mike urwo rukino rubaye, kuri Radio Buja FM, uwo avuga ko ari “umuvugishwa w’Imana” yagize ati :

« Ico ndabasaba, cane cane abakinyi, batampaye nta Equipe n’imwe bazotsinda muri CAN, intamba mu rugamba zitibutse ngo zisubire kw’isoko, ndashaka baze, harya kw’isoko nyene aho vyavuye. Barabahaye, ubwo bategerezwa kuza kuraba umukozi w’Imana akongereza amavuta. Umuhanuzi ahanura ahaze. Mugabo mu gihe bitaragenda gutyo, ukazobona babirenzeko, hazoca haza abandi bakinyi bashasha apana barya bakinye. Nta rukino na rumwe bazotsinda. Niwabona basi batsinze igitsindo na kimwe, canke bakanganya ubusa ku bundi, uzoce uza uvuge uti nabonye ko utari umuhanuzi. »

Pasitori Kayihura Modeste azwi kw’izina rya « Prophète Modeste » asanzwe yarigeze kuba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ivyaha bijanye n’ubusuma hakoreshejwe amayeri (Escroquerie) apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza i Bujumbura, akaba nk’uko amakuru dufise abivuga, ariko ateregurirwa dosiye kugira ashikirizwe ubutungane.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS