Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuyobozi nshingwabikorwa wa OIC ari mu rugendo mu Burundi

Umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ikawa (OIC : Organisation Internationale du Café) ari mu rugendo mu Burundi kuva kuri uwu w’imana, akaba yakiriwe na Déo Guide RUREMA, umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi.

Umushikiranganji Déo Guide RUREMA avuga ko muvyo yaganiriye n’uwo muyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu OIC harimwo ivyo Uburundi buriko burakora, mu ntumbero y’ukurwiza umwimbu mu gisata c’ikawa, hamwe n’ikibazo kijanye n’ihindagurika ry’ibiciro vy’ikawa kw’isoko mpuzamakungu.

Emerance NIRERA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije amenyesha ko mu rugendo arimwo mu Burundi, José SATTE agendera kuri uwu wa mbere intara zo gihugu hagati, kugira yibonere ibiriko birarangurwa mu bijanye n’iterambee ry’igiterwa c’ikawa.

José SATTE, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ikawa akaba kandi aza kugendera n’amwe mu matonorero y’ikawa.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS