Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Busimba abarizwa mw’ibohero

Ngendakuriyo Anthère umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya komine Busimba, intara ya Muramvya ari mu minwe y’igiporisi kuva kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2019, akaba yafashwe n’igiporisi c’Uburundi, yagirizwa ko ari mu bagandaguye umugabo azwi kw’izina rya NIVYAYO Innocent w’imyaka 44, yiciwe ku musozi Busimba, uri muri iyo ntara ya Muramvya.

Uwo arongoye ishure ryisumbuye rya komine Busimba yafatiwe hamwe n’uwitwa NSAVYIMANA Salvator batazira Kibarati asanzzwe afise ubunyerwo ku musozi wa Busimba.

Bompi bafashwe mu gikorwa c’igiporisi cari cishikiye kuri uwu w’Imana ahagandaguriwe NIVYAYO Innocent, mu ntumbero y’amatohoza.

Nivyayo Innocent yicishijwe umupanga mu ndwi iheze n’abantu batamenyekanye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS