Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umwigisha yagirizwa gushurashuza umunyeshure wiwe yafatiwe mu Rumonge

Abajejwe umutekano bari kumwe na Frederic NIYONZIMA Buramatari w’intara ya Bururi bafashe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane Niyonsenga Fidèle, asanzwe ari umwigisha kw’ishure shingiro rya Mwura muri komine Vyanda intara ya Bururi.

Amakuru dukura mu ntara ya Bururi avuga ko hari haheze hafi indwi yose uwo mwigisha aronderwa n’ubutungane ku mutahe wasohowe na Parake ya Bururi ku caha co gufata ku nguvu yagirizwa ko yakoreye umwe mu bigeme b’abanyeshure yigisha.

Niyonsenga Fidèle yafatiwe mu gisagara ca Rumonge ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, akaba yaciye ashikirizwa ubutungane kugira amatohoza akorwe ku caha yagirizwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS