Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ishirahamwe UNESCO risaba ko abamenyeshamakuru bokingirwa mu mwuga wabo

Mw’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru wahimbarijwe kuri uwu wa gatanu mu kigo c’abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Josephine Ntahobari yaserukiye ishirahamwe UNESCO mu Burundi yibukije amabi akorerwa abamenyeshamakuru mu mihingo itandukanye y’isi, aho hari abahagarikwa, abicwa, ivyo bikabuza abamenyeshamakuru uburenganzira bw’ugukora akazi kabo.

Mu mwaka w’2018 gusa, ishirahamwe UNESCO rivuga ko abamenyeshamakuru bagera kuri 99 aribo bishwe kw’isi yose, agasaba ama Reta ko yokwiyemeza gukingira abamenyeshamakuru, kuko iyo babujijwe kurangura neza umwuga wabo, ingaruka zishikira abantu bose.

Umunsi mukuru wahariwe ubwigenge bw’ukumenyeshamakuru washizweho mu mwaka w’1983, ukaba wahimbajwe mu Burundi ku ncuro ya 26 kuri uwu wa gatanu ku civugo : “Uruhara rw’ibimenyeshamakuru mu guha ikibanza gikwiye iterambere ridakumira mu matora no mu ntwaro rusangi.”

Kurikira Josephine Ntahobari yaserukiye ishirahamwe UNESCO

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS