Amakuru AgezwehoBurundiInkino

Urutonde rw’abakinyi 18 b’Intamba bagiye i Dar Es Salaam mu rukino rw’ugusubiriza na Tanzania

Abakinyi cumi n’umunani b’Intamba mu rugamba nibo buriye indege kuri uwu wa kane berekeza mu gihugu ca Tanzania i Dar Es Salaam, aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruzohuza kuri uwu w’Imana Uburundi na Tanzania.

Abo bakinyi bafashe urugendo igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu z’umurango, bakaba bagiye guhiganirwa itike y’ukuzokwitaba igikombe c’isi yose (Coupe du Monde) kizobera mu gihugu ca Qatar mu mwaka w’2022.

Pierrot Kwizera, umukinyi wo hagati yakomeretse mu rukino rwo kuri uwu wa gatatu ntari ku rutonde rw’intamba zerekeje i Dar Es Salaam muri Tanzania, abandi batari ku rutonde ariko bari baratumweko mu myimenyerezo akaba ari nk’abasatirizi Laudit Mavugo aheruka kugurwa mu gihugu ca Maroc, Jules Ulimwengu akina muri Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda, Mustapfa Francis, Shabani Hussein batazira Tchabalala, n’abandi.

Mu rukino rwa mbere rwabaye kuri uwu wa gatatu, Uburundi bwanganije kimwe ku kindi na Tanzania.

Abakinyi 18 bafashe urugendo rugana i Dar Es Salaam ni :

  1. Ndikumana Justin
  2. Nahimana Jonathan
  3. Bigirimana David
  4. Ngando Omar
  5. Moussa Omar
  6. Nsabiyumva Frédéric
  7. Bacanamwo Joël
  8. Ramazani Diamant
  9. Duhayindavyi Gaël
  10. Bigirimana Gaël
  11. Amissi Cédric
  12. Nahimana Shassiri
  13. Moustafa Francis
  14. Amissi Mohamed
  15. Kanakimana Bienvenue
  16. Fiston Abdoul Razzak
  17. Berahino Saido
  18. Bimenyimana Bonfils Caleb
Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close