Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uwagirizwa ko ariwe yaturiye Imbonerakure MISAGO Léonidas mu Nyakabiga yafashwe n’igiporisi

Umunyagihugu azwi kw’izina rya Célestin NTAKIRUTIMANA apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura yagirizwa ko ariwe yishe uwitwa MISAGO Léonidas yaturiwe abona muri zone ya Nyakabiga, igisagara ca Bujumbura, mu mwaka w’2015 mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Célestin NTAKIRUTIMANA yafashwe n’abajejwe umutekano kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yerekanwe kuri uwu wa gatatu, mw’igendereza i Bujumbura. Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano yemeza ko uwo yafashwe ariwe yaturiye umuntu mu Nyakabiga mu mwaka w’2015.

“Uwo duhejeje kubereka niwe yaturiye wa muntu yigera gutirirwa mu gihe c’imigumuko, niwe mubona ku masanamu, yanaze urya muntu bahavuye baturira, hanyuma aha amategeko bagenzi we b’abagumutsi bari kumwe akoresheje icuma kiduza amajwi, ko babandanya bamuturirira muri kirya kibanza.”

Petero NKURIKIYE avuga ko hari n’abandi bakironderwa :

“Umuntu wese azi ko yakoze icaha mu vyabaye mu mwaka w’2015 yaba uwishe umuntu, uwimvye ibarabara, ivyaha vyose vyakozwe muri irya migumuko, n’ubu abo bantu barabandanya baronderwa aho bari hose kw’isi, yaba uwabikoze n’amaboko yiwe, yaba abamutumye, tugize iminsi twumva biyeza ngo sibo batanze amategeko y’uguturira abantu, kandi aba bafashwe barabitwibaririye neza ko babahaye amategeko.”

MISAGO Léonidas yari asanzwe ari imbonerakure y’umugambwe CNDD FDD yafatiwe muri zone ya Nyakabiga mu mwaka w’2015, mu myiyerekano yariko ibera . Yaturiwe abona aho nyene yafatiwe.

 

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS