Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uwagirizwa ko yakinye mw’ireresi yerekanwe na BBC apfungiwe mw’iperereza

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika amenyesha ko hari umuntu azwi kw’izina rya Patrick MUGWANEZA yafashwe kandi yiyemerera ko yagize uruhara mw’ikorwa ry’amasanamu aherutse kwerekanwa n’imboneshakure y’Abongereza BBC, iyo reresi (Film) ikaba ivuga ko mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Kinindo hari inzu ikorerwamwo ihohoterwa ry’abantu basinzikarizwa n’ubuzima n’abakozi b’iperereza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashikirije ko hari n’abandi bantu bakoranye n’uwo Patrick MUGWANEZA bariko baronderwa n’ubutungane. Kubwa Sylvestre NYANDWI, abakoze iyo reresi babigize mu ntumbero y’ugucapfuza isanamu y’Uburundi, n’ukwambika iceyi inzego z’umutekano.

“Uwo rero aherutse guhagarikwa aremanga ibiri muri iyo reresi, akavuga ukuntu yateguwe, igahingurwa, akavuga n’abo bayiteguranye, hamwe n’ababafashije. Aravuga ko yateguriwe mu gihugu c’amahanga, ndetse akanamenyesha uruhara yakinye yigize umukozi w’igendereza, abandi nabo bakigira abaporisi.”

Nk’uko vyashikirijwe nyene n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, uwafashwe aremera ko hari amwe mu masanamu yo muri iyo reresi yafatiwe mu Burundi, ayandi nayo afatirwa mu mahanga.

Uwo yafashwe Patrick MUGWANEZA apfungiwe mw’iperereza i Bujumbura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS