Amakuru AgezwehoBurundi

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Pérou yiyahuye

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Pérou yariyahuye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, akaba yirashe urusasu rumwe mu mutwe akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet.

Alan Garcia yiyahuye mu gihe igiporisi ca Pérou cari gishike ku rugo iwe, kije kumufata, bamwagiriza ko yoba yarariye ibiturire akiri umukuru w’igihugu.

Alan Garcia yabaye umukuru w’igihugu ca Pérou incuro zibiri, kuva mu mwaka w’1985 gushika mu mwaka w’1990, hamwe no kuva mu mwaka w’2006 gushika mu mwaka w’2011.

Alan Garcia w’imyaka 69 yitavye Imana mu gihe abaganga bariko baragerageza kumubaga, kugira bamukuremwo urusasu yari yirashe.

Martin Vizcarra, umukuru w’igihugu ca Pérou yashizeho iminsi itatu y’ikigandaro.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close