Amakuru AgezwehoBurundi

Uwiyita « Prophète Modeste » yirukanwe mu Burundi

Igiporisi c’Uburundi cafashe ingingo y’ukwirukana mu Burundi uwiyita « Prophète Modeste », ariko amazina yiwe akaba ari Kayihura Modeste. Uwo yiyita « Umuvugishwa » asanzwe ari umunyarwanda yagirijwe n’igiporisi ko afise inyifato itabereye, kandi ko n’impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba mu Burundi ari iza magendu. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko kuri uwu wa mbere nyene, aza gusubizwa mu Rwanda aho yaje ava.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo yiyita “umukozi w’Imana” yagirizwa gushurashuza abigeme, ubusuma, hamwe n’ukuba akoresha impapuro za magendu zimuha uburenganzira bw’ukuba mu Burundi :

« Afise inyifato iteye kubiri n’imico n’imigenzo y’abarundi kuko igiporisi cararonse uwaje kwitwara amwagiriza ko yoba yigenjeje nabo mu bintu vy’ubushurashuzi hanyuma igiporisi kirakora amatohoza gisanga iyo nyifato mbi uwo muntu ayifise. Mu bikorwa vyiwe, mu nyifato yiwe ngaha mu gihugu c’Uburundi, bibonekamwo ibintu vy’ubusuma buciye mu mayeri bivanye n’amajambo agenda aravuga mu nyigisho ziwe, nk’akarorero akabwira abantu ngo hazoba ibi n’ibi mutagize ibi n’ibi, mbere akanasaba n’amafaranga, akabwira abantu ko batamuhaye amahera angana uku n’uku, ibi n’ibi bitazoheza ngo bibe. Iyo nyifato ikaba inyuranye cane n’inyifato n’ingendo twari twiteze ku bantu b’abavugabutumwa, abantu b’abakozi b’Imana. Ijambo ryabo si iryo gutera ubwoba abantu. »

« Prophète Modeste », yari asanzwe ariwe arongoye ishengero « Faith Practice Miracles Ministries » rikorera kw’ihotero Source du Nil, akaba yirukanwe mu Burundi y’inyuma y’iminsi irenga cumi yari amaze apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza mw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko kuri uwu wa mbere nyene, asubizwa mu gihugu c’Urwanda.

« Umuvugishwa Modeste » yirukanwe mu Burundi inyuma y’aho avugiye kuri Radio Buja FM ko ataronse amafaranga y’ikigiracumi kuyo umukinyi wese w’Intamba mu rugamba yahawe nk’agashirukabute k’aho Uburundi bwaronse uburenganzira bw’ukuja ubwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika, ko abo bakinyi n’aho bazoja muri iryo higanwa muri Egypte ata murwi n’umwe bazotsinda, kandi ko n’abakinye urukino rw’Uburundi na Gabon ata n’umwe azoja muri Egypte.

Pasitori Kayihura Modeste yemeza ko yari yavuze ko Uburundi buzoganya na Gabon imbere y’uko urukino ruba, gutyo Uburundi bukaronka amahirwe y’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (CAN). Iminsi mike urwo rukino rubaye, kuri Radio Buja FMuwo avuga ko ari “umuvugishwa w’Imana” yagize ati :

« Ico ndabasaba, cane cane abakinyi, batampaye nta Equipe n’imwe bazotsinda muri CAN, intamba mu rugamba zitibutse ngo zisubire kw’isoko, ndashaka baze, harya kw’isoko nyene aho vyavuye. Barabahaye, ubwo bategerezwa kuza kuraba umukozi w’Imana akongereza amavuta. Umuhanuzi ahanura ahaze. Mugabo mu gihe bitaragenda gutyo, ukazobona babirenzeko, hazoca haza abandi bakinyi bashasha apana barya bakinye. Nta rukino na rumwe bazotsinda. Niwabona basi batsinze igitsindo na kimwe, canke bakanganya ubusa ku bundi, uzoce uza uvuge uti nabonye ko utari umuhanuzi. »

Igiporisi c’Uburundi cafashe kandi ingingo y’ukwirukana mu Burundi Kayihura Ephrem asanzwe ari se wa “Prophete Modeste”, hamwe n’umupfasoni bivugwa ko yoba ari umugore w’uwo yiyita Pasitori.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close