Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Vital’O yungutse amanota atatu, Aigle Noir nayo yitezwe kuri uwu wa gatatu

Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uwu wa kabiri, ku munsi waryo wa 25, umurwi wa Vital’o uri mu kibanza ca gatatu watsinze kimwe ku busa Lydia Ludic, Bujumbura City nayo itsindwa bine kuri bitatu na Bumamuru FC yo mu ntara ya Cibitoke. Vy’imfatakibanza twovuga ko Vital’O FC yasimbiye mu kibanza ca kabiri, ikaba inganya na Musongani amanota nayo iza gukina kuri uwu wa gatatu na Flambeau de l’Est.

Uko imirwi iza guhura kuri uwu wa gatatu

Iryo higanwa rirabandanya kuri uwu wa gatatu, Ngozi City ikina na Rukinzo FC isaha indwi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi, Olympic Star itane mu mitwe na Messager Ngozi isaha icenda ku kibuga c’i Muyinga.

Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Messager Bujumbura ihura na Flambeau du Centre isaha indwi n’iminota mirongo itatu.

Igihe c’isaha icumi, kuri ico kibuga nyene citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere ikina na Les Lierres, Kayanza United nayo ikine na Athletico Olympic isaha icenda n’iminota 30 ku kibuga Urukundo c’i Ngozi.

Ku kibuga INGOMA c’i Gitega, Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri ikina na Flambeau de l’Est igihe c’isaha icenda.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS