Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Woba wari uzi amazina mu kirundi y’ibice vy’ikibuga c’urukino rw’umupira w’amaguru

Abahinga n’abaronzi (abashakashatsi) batandukanye baheruka gukorana bigira hamwe ingene ikirundi cohinyanyurwa kugira kije ku rwego mpuzamakungu. Bimwe mu vyo abo bahinga basabwa kwiga, harimwo gusubira guhinyanyura ubwatuzo bw’ikirundi, kuraba ingene ivyigwa vy’ubuhinga bimwe bita «sciences» vyosigurwa mu kirundi.

Kuri uwu wa kabisa, tugaruka kuri umwe muri abo bahinga, Patrice NTAFATIRO, adushikiriza mu rurimi rw’ikirundi, amazina y’ibice vy’ikibuga c’urukino rw’umupira w’amaguru.

Amazína y’Íbicé vy’íkibúga c’úrukino rw’Úmupǐra w’ámaguru

Umurōnzi Patrice Ntāfátiro asigura ati :

Nasânze Ikibúga c’Úmupǐra w’úrukino rw’ámaguru gísa n’úrugókãma rw’Úburǔndi.

MŪNZU (Buts) : Hagizwe n’ÚMWĀNGO (7,32m/2,44m) urímwo SÊRUGÓ/INÁRUGÓ asamá umupǐra wīnjíra MŪNZU.

IGISHÍMARYÂNGO (Poteau) ni ikibâmbǎzi c’ÚMWĀNGO.

MUMIGĀNDA (Petit filet) ni ubgǎguke bgó MŪNZU.

KWĪSŪNZU ni hējuru ku (MŪ)NZU. URUSĚNGA (Filet).

KŪMBÚGA (Surface de but) ni imbere yo MŪNZU (16,32/5,5m).
UMÚVO ni ibirīmbi vy’úrugó rw’îrēmbo ryā mbere rukīkûza KŪMBÚGA.

MŪNTÁBA (Surface de réparation) ni KŪMBÚGA nó hagáti y’Îrêmbo ryā mbere n’íryā kábiri (40,32m/16,5m).

URUSÎKÁ ni ibirīmbi vy’úrugó rw’îrêmbo ryā kábiri rukīkûza MŪNTÁBA.

KŪNTÓBO (Point de penalty) iri kū mêtéro 11 y’ÚMWĀNGO. Yītwa ukwo kukó ni hó “Batēréra intóbo (Penalty)”. Igitúma ni ukó, Sēbukwé yatêra intóbo umukazâna arí KŪMBÚGA iwé yayícīsha mw’īrêmbo ryó ku muhǔngu. N’úmukazâna yayímusubiza ayírēnza irêmbo ryîwé ikaja KŪMBÚGA kwā Sêbukwé. Ahó yōtēréwe ni MŪNTÁBA iyó uwo muhǔngu abá atǎhūbatse.

KŪNÂMA (–) ni ikirêré kirí hagáti yó MŪNTÁBA n’ÁKARĪMBI k’ÍTŌNGO ryā MUSŌNGATI n’íryā VITAL’O. Ntā zína nzí ry’ígifarǎnsa mugábo ikirǔndi rirího!!

MWĪRÊMBO ni umuheto urí kw’īrêmbo ryā kábiri arí ryo ryĩtwa URUSÎKÁ.

KŪNKONI ck KŪNTĀMBGE ni hagáti na hagáti y’ÁKARĪMBI k’ÍTŌNGO ryā MUSŌNGATI n’íryā VITAL’O. Harihó n’úmuzǐngi utobékeranywa n’úmwāmpi amahêro (18,30m). Hītwa ukwo kukó harí Urukino ry’ínkoni ck intāmbge bahẽra hagáti.

MUGIHĀNGO (Arc de cercle de coin/Corner) ni mū ncókezo z’íkigó. Hītwa ukwo kukó uvûye ku (U)MWĀNGO ujá inzira n’íngáru, uruhūkira (MU)GIHĀNGO. Murí ako gaheto gafõye (1m), ni hó “Bahāngíkira umupǐra batẽra MŪNZU”. Kū mpéra, harashīngwa UMUNYÁRE (Drapeau) wakúze (1,5m).

IKIRÊNGERO ni umurōngo w’úbgǎguke ucá MŪNZU (45m-90m)

INDÁRI ni umurōngo w’úburēbure ufatánya itōngo ryā MUSŌNGATI n’íryā VITAL’O. Ku mêtéro 1 y’ímpérāmpéra y’ÁKARĪMBI k’ÍTŌNGO ryā MUSŌNGATI n’íryā VITAL’O, harajá UMUNYÁRE wûndi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS