Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Woba wari uzi uko abakinyi 11 b’umupira w’amaguru bitwa mu kirundi umwe wese ?

Abahinga n’abaronzi (abashakashatsi) batandukanye baheruka gukorana bigira hamwe ingene ikirundi cohinyanyurwa kugira kije ku rwego mpuzamakungu. Bimwe mu vyo abo bahinga basabwa kwiga, harimwo gusubira guhinyanyura ubwatuzo bw’ikirundi, kuraba ingene ivyigwa vy’ubuhinga bimwe bita «sciences» vyosigurwa mu kirundi.

Kuri uwu wa mbere, tugaruka kuri umwe muri abo bahinga, Patrice NTAFATIRO, adushikiriza mu rurimi rw’ikirundi, igikorwa hamwe n’amazina y’abakinyi b’urukino rw’umupira w’amaguru, ahereye ku bakinyi b’inyuma, gushika ku bakinyi bose uko aba ari cumi n’umwe (11) baba bari mu kibuga. Patrice NTAFATIRO agirako kandi asigura n’igituma umwe wese yamuhaye iryo zina

Abakinyi b’inyuma

MUGATSĪTA canke MUBUVUNYI (La Défense)

ABATSĪSI, ABAGOSI canke ABAVUNYI (Les défenseurs). Baratsīta, bakagota ABATÁSI n’ÁBATÊZI bashãka kwǐnjira mu rugó iwǎbo kubînjiza igitsîndo. Bavuna SÊRUGÓ/INÁRUGÓ abagômba kumútēra.

No5: Ni MWŪGARIRO kukó umúrēnze ushikīra nêzá SÊRUGÓ/INÁRUGÓ mu nzu. Ni MFÚRA kukó “Imfúra imōta sé”.

No4: Ni NKǏNGI kukó No5 arí MWŪGARIRO, harakenerwa “Ibikǐngi vy’îrêmbo”. Ni MUGÔNGO nk’ûkó igíti c’úmugôngo arí inkǐngi.

No3: Ni MUHETO canke MUHŌHO kukó kugíra MWŪGARIRO na NKǏNGI bavuné inzu yâbo barakeneye (U)MUHETO n’(U)MUHOHO = Ikirwānīsho)
No2: Ni NKĪNZO canke NGABO kukó kugíra UBUVUNYI (= Ukwǐvuna abânsi) bukwĩre, harakenewe kǎndi (I)NKINZO arí yó kǎndi (I)NGABO.
Abakinyi bo hagati
MUKIGABIRO canke MUBUSHÍ (La Distribution)
ABASHÍ, ABATÂNZI (Les distributeurs). Baratânga canke bagahá (a-ba-HÁ-yi) umupǐra ABAVUNYI n’ÁBATÊZI.
No8: Ni BIGABURO canke BIGĀNZA kukó arãngwa n’úkusâbagiza abakinyi umupǐra arõnse. BIGĀNZA ni icǐtiranwa cā BIGABURO.
No6: Ni MUHÂNYI canke RUHĚSHI kukó arãngwa nó guhá imipǐra INTǑRE zitẽra ibitsîndo MŪNZU.
No7: (I)MBO kukó, a) Kó No 11 arí we (KU)MÓSO akaba arí intârakãma irí ku mupáka i bubǎmfu bg’Úburǔndi, ni ukuvúga kó ku mupáka w’í buryó bg’Úburǔndi harí (I)MBO. Ni MAGURU kukó asabgá kwǐruka anyáruka bgā MAGURU (ya Nyárwǎri yasíze imvura n’Úmuguha).
No11: Ni MÓSO kukó akinîsha ukuguru kw’-úku-MÓSO. Ni RUKWÂVU kukó asabgá kwǐruka anyáruka bgā RUKWÂVU.
Abasatirizi
MURUGǍMBA (L’Attaque)
ABATÁSI, ABATÊZI ck INTǑRE (Les attaquants). Bátagoswé ngo batsĩtwe n’ÁBAVUNYI, baratáta kǎndi bagatêra MŪNZU yâbo. BĨtwa kǍndi INTǑRE kukó batẽra na ntâryó.
No9: Ni KAYOBERA canke RWÊNGE kukó ayobéra ABAVUNYI abîsha urwênge ngo abácemwó atsĩnde cãnke atumé NTSÎNZI atsînda SÊRUGÓ/INÁRUGÓ.
No10: Ni NTSÎNZI canke MUSHITSI kukó ni wé atsĩnda cāne. Yĩtwa MUSHITSI kukó ashitsá ishāka ry’úmugwi wîwé: Intsînzi.
Umunyegori
MŪNZU (Les Buts)
No1: Ni SÊRUGÓ/INÁRUGÓ asānga MŪNZU ngo ntihágire umupǐra n’ǔmwe umwǐnjirana. Arahá ibibǎnza ABAVUNYI bîwé. INÁRUGÓ ni ku migwi y’Ábakényezi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS