Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Zimwe mu ngingo z’umutekano zafashwe n’ubuyobozi bw’igiporisi

Ubuyobozi bukuru bw’igiporisi c’Uburundi bwafashe ingingo z’umutekano, aho akaba ari inyuma y’aho umuporisi arasiye kuri uwu wa gatandatu abantu bane baciye bitaba Imana aho nyene.

Zimwe muri izo ngingo, nk’uko biri mu rwandiko rwarungikiwe abayobozi batandakanye b’igiporisi, n’uko Gerenade zose z’igiporisi c’Uburundi zitegerezwa kuba ziri mu bubiko, kandi ko ata muporisi n’umwe arekuriwe kugendana Gerenade. Uwobirengako akazofatwa nk’inkozi y’ikibi.

Abajejwe igiporisi basabwe kugenzura ko inkoho zose zifatirwa mu bikorwa vy’ugusaka zishikanwa mu bubiko bw’igiporisi. Urwo rwandiko rumenyesha ko bibujijwe ko umuporisi aja mu karuhuko (Congé) atwaye inkoho yiwe, bikaba bikujijwe kandi ko hari umuporisi yinjire mu bunywero (Cabaret) yambaye umwambaro w’igiporisi canke afise inkoho.

Izo ngingo zifashwe inyuma y’aho haheze iminsi hibonekeza ubugizi bwa nabi bukorwa na bamwe mu baporisi, ubuheruka vuba akaba ari ubwabaye kuri uwu wa gatandatu aho umuporisi yashwanye n’abo bariko basangira inzoga mu kabare, aca arabarasa yicamwo bane, abandi bane barakomereka.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS