Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Zinedine Zidane yagarutse muri Real Madrid

Ubuyobozi bw’umurwi wa Real Madrid wo gihugu ca Espagne bwafashe ingingo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2019 y’uguhagarika amasezerano ya Santiago Solari yahora ari umumenyereza mukuru w’uwo murwi, kugira bagarukane Zinedine Zidane yahawe amasezerano y’ugusozera uwu mwaka w’inkino ariwe amenyereza Real Madrid, akongera akaguma muri ico kibanza gushika mu mwaka w’2022.

Umufaransa Zinedine Zidane “Zizou” w’imyaka 46 yemeye kugaruka muri Real Madrid, umurwi umaze iminsi utavyifatamwo neza, aho akaba ari inyuma y’aho uwo murwi wo mu cicaro ca mbere muri Espagne, benshi mbere bafata nk’igihangange, usezerewe mu bikombe vyose wariko urahiganirwa muri uwu mwaka, birimwo Copa Del Rey, aho akaba ari FC Barcelona yabakuyemwo, hamwe n’inkino za “Champions League” Real Madrid yaviriyemwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma, ikurwamwo na Ajax Amsterdam.

Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa Buraya avuga ko Florentino Pérez, umuyobozi mukuru wa Real Madrid ariwe nyene ubwiwe yihamagariye Zidane amusaba gusubira kumenyereza uwo murwi yavuyemwo atanze imihoho, ariko amaze kuwushikana ku ntwambwe ikomeye, n’intsinzi zitari zitandukanye. Mu myaka ibiri yamaze amenyereza Real Madrid, Zinedine Zidane yafashije uwo murwi gutwara ibikombe icenda birimwo bitatu vya “UEFA Champions League”, kimwe c’ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne, bibiri vya UEFA Super Cup, bibiri vy’isi vy’imirwi, hamwe na kimwe ca Supercopa de Espana.

Zidane asubiye muri Real Madrid mu gihe vyavugwa ko ariko araronderwa bikomeye n’umurwi wa Chelsea wo mu Bwongereza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS